Ubu buhinduzi buracariko burasuzumwa.

AGAKIZA Umurimo w’abagabo

AGAKIZA Umurimo w’urwaruka
Imbere y’uko Seek and Save Humanity (SSH) yemerwa na Leta ikanatangurwa, Pasitori Désiré HAVYARIMANA yatumiwe mu rusengero rwo i Bujumbura ku wa 11 Ntwarante 2022 kugira avugire mu ikoraniro ry’abagore ku nsiguro “Urugo rwiza mu mugambi w’Imana”. Muri iryo koraniro ryamaze iminsi 3, Pasitori Désiré yatangajwe no kubona ukuntu imiryango yari ikomerekeye n’ukuntu yari ikeneye umuntu yoyumviriza (mu gutanga inama). Abari mu ikoraniro baramusavye ngo aze afashe iyo miryango. Ni ho icerekezo ciwe co kwubaka umuryango mwiza unezerewe catanguriye gushirwa mu ngiro. Mu 2022 yagize amakoraniro y’abashakanye n’ay’urwaruka. Ku wa 8 Rusama 2022 habaye ikoraniro ry’abashakanye ku nsiguro “Itumanaho rikwiye hagati y’umugabo n’umugore”. Kandi ku buntu bw’Imana, ku wa 17 Munyonyo 2022, SSH yemerwa ku mugaragaro.